Uburundi ntibwitavye ihayanishwa ry’ibidandazwa vyo mu karere ka Afurika y’Ubuseruko ririko ribera mu Rwanda.
Uwo muryango ni na wo watunganije iryo hayanishwa mu ntumbero yo guhuriza hamwe abacuruzi batobato baturuka mu bihugu 6 biwugize.
Ibiro bikuru vya EAC vyabwiye Ijwi ry’Amerika ko bibabaje kubona hari igihugu kimwe gisigara inyuma mu gihe ibindi vyitavye.
EAC ivuga ko Uburundi butasiguye igituma bwarasivye muri iryo murikagurisha kandi bwari bwaremeye ko buzoba buhari.
Kenneth Apollo Bagamuhunda umuyobozi mukuru w’ubudandaji n’amahinguriro mu biro bikuru vya EAC yavuze ko “Atazi ico Uburundi butinya".
Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.
Facebook Forum