Uko wahagera

Kongo Igabisha Gusubiza mu Burundi Abayoboke ba Zebiya


Bamwe mu Bayoboke ba Zebiya Ngendakumana

Leta ya Repubulika ya demokarasi ya Kongo itangaza ko igiye gusubiza mu gihugu cy’u Burundi abayoboke 1387 b'umwigeme Zebiya Ngendakumana bari mu mujyi wa Goma intara ya Kivu ya Ruguru.

Abavuganye n'Ijwi ry'Amerika ryabasanze aho bakambitse ku kibuga kiri muri Karitiye yitwa "Lac Vert", hafi y’ikiyaga cya Kivu bavuga ko mu biganiro bitandukanye bamaze iminsi itatu bakorana n'ubuyobozi bw'intara ya Kivu ya ruguru, bwabasiguriye ko bazotahukanwa kuko batuye mu mujyi wa Goma mu buryo bunyuranye n'amategeko.

Abenshi muri abo Barundi biganjemwo abana n'abagore. Nyamuhene Severin umwe muri abo bayoboke ba Zebiya Ngendakumana asigura ko bafashwe ku munsi wa gatanu aho bari bahuye bibuka bagenzi babo bishwe barashwe.

Kuva bagifatwa kuri uwo gatanu, bavuga ko ubuzima babayemwo budashemeye, bafungurirwa gake. Bompi uko ari 1387 basangira utuzu twa surwumwe tubiri gusa.

Si ubwa mbere abayoboke b'umwigeme Zebiya Ngendakumana bahungira muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo. Mu 2017 bari i Kamanyola aho 37 muri bo bishwe barashwe n'igisirikare cya Kongo baza guhungira mu Rwanda.

Mu 2018 ni bwo batahutse kubushake bwabo mu gihugu cy’Uburundi ariko bongera guhungira muri Kongo kubera impamvu z’umutekano muke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG