Uko wahagera

Abayoboke 5 b' Umwigeme Zebiya Ngendakumana mu Minwe ya Polisi


Ikarata y'Uburundi

Abayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana bagera kuri 5 bo mu ntara ya Muyinga bamaze imisi 3 mu minwe y’igipolisi.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ikura i Muyinga yemeza ko igipolisi cabahagaritse inyuma yo kuzura ibikoresho vyinshi bigizwe n’impuzu, ibifungurwa, ibitabo n’amasanamu bakoresha mu gusenga.

Ivyo bikoresho vyose vyazuwe mu murima w’uwitwa Sibomana Yohani nk’uko n’isoko ryacu mu gipolisi i Muyinga rivyemeza.

Ni kw’uwo Sibomana hafatiwe abo bandi 4 bivugwa ko bari bamugendeye bavuye mu makomine atandukanye y’intara ya Muyinga n’umwe wo mu ntara ya Ngozi.

Ababanyi n’abaryango b’aho hafatiwe bikeka ko abo bayoboke b’inyigisho z’umwigeme Zebiya Ngendakumana boba bari bafise umugambi wo kwiyegeranya kugira basubire iyo bahora mu buhungiro.

Tubibutse ko abayoboke ba Zebiya baheruka guhunguka birukanywe mu gihugu ca Congo nyuma yo kwanka kwiyandikishamu buryo bugezweho mw’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR.

Ico gihe, basigura ko biteye kubiri n’ukwemera kwabo baca bahitamwo gutaha. Imbere y’aho barashamiranye n’abasirika ba Congo abababa 40 barahasiga ubuzima. Mu gutahuka, baciye mu gihugu c’u Rwanda baza gushika ku gataka k’Uburundi itariki 1 z’ukwezi kwa 4 mu mwaka wa 2018 ku musi mukuru wa Pasika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG