Uko wahagera

U Rwanda Rwatahukanye Impunzi z’Abarundi 1600


Bamwe mu mpunzi zatahukanywe
Bamwe mu mpunzi zatahukanywe

Impunzi z’Abarundi zirenga 1600 ziyoboka umwigeme Zebiya Ngendakumana, zatahukanywe mu Burundi inyuma yo kwanka gukurikiza ivyo amategeko agenga impunzi mu Rwanda azisaba.

Bimwe muvyo izo mpunzi zivuga zitokurikiza bivanye n’ukwemera kwazo, ni ukwandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none no kwiteza incanco.

Abavuganye n’Ijwi ry’Amerika imbere yo kwurizwa imiduga ibatahukana, basiguye ko amakenga ku mutekano wabo ari menshi, ariko ko hakudohoka ku kwemera kwabo, bemera kuja gupfira mu gihugu cabibarutse.

Insiguro izo mpunzi zatanze yahavuye ihinduka bamaze gushika ku butaka bw’Uburundi: Bemeje ko batahutse kuko bariko basabwa kujanwa mu mirwi irwana.

Abayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana, bahungiye mu Rwanda mu ntango z’ukwezi kwa gatatu. Ico gihe bari bavuye muri Republika iharanira demokarasi ya kongo ahitwa “Kamanyola”, banse ko ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR ribandika biciye mu buhinga bwa none.

Abayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana w’imyaka 31, batanguye guhungira muri Kongo mu 2013 inyuma yaho abajejwe intwaro mu Burundi bababurije gusubira gusengera ku mutumba wa Businde uri muri komine Gahombo y’intara ya Kayanza, bahurirako uko ukwezi gutashe.

Ico gihe abagera kuri indwi barasize ubuzima mu mishamirano yabaye hagati yabo na polisi, abaharurwa mu majana nabo batabwa mu mvuto.

Umwigeme Zebiya Ngendakumana yacanyemwo na Ekleziya Katolika kubera inyigisho z’amabonekerwa yemeza ko aronswa na Bikira Mariya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG