Uko wahagera

Kenya na Somaliya Vyemeranije Gusubira Kunagura Imigenderanire


Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed n'uwa Kenya Uhuru Kenyatta
Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed n'uwa Kenya Uhuru Kenyatta

Ibihugu vya Kenya na Somaliya vyemeranije gusubira kugirana imigenderanire myiza. Ni inyuma yuko amatati yari amaze igihe ku mbibe zo mu mazi hagati y’ivyo bihugu bibiri atosekaje imigenderanire hagati yavyo.

Ayo masezerano yakwirikiye inama hagati ya prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta na prezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed. Abo bategetsi bompi basubiye kwiyemeza ku vyerekeye imigenderanire ikomeye iri hagati y’ibihugu vyabo. Bumvikanye gukomeza imigenderanire iri hagati y’ibihugu vyabo.

Nta na kimwe ayo masezerano avuga ku matati ari mu gice c’urubibe hagati y’ivyo bihugu bibiri kiri mw’ibahari Indiyana. Ivyo bihugu vyompi biriyitirira ico gice kivurwa ko kirimwo ibitoro na gaz vy’agaciro gakomeye.

Imigenderanire hagati ya Kenya na Somaliya yatosekaye bikomeye mu ntango z’uyu mwaka. Ni inyuma yuko Somaliya ifashe ingingo y’ukugurisha icamunara amariba y’ibitoro na gaz muri ico gice kirimwo amatati kiri mw’ibahari Indiyana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG