Uko wahagera

Somaliya na Kenya Bifitaniye Amatati y'Urubibe


Kenya na Somaliya kw'ikarata
Kenya na Somaliya kw'ikarata

Sentare mpuzamakungu y’ubutungane y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yatangaje ko izokwumviriza amatati yerekeye urubibe rwo mu mazi hagati ya Somaliya na Kenya, mu mpera z’uyu mwaka.

Somaliya ,yaridogeye igihugu ca Kenya, mu kuvuga ko Ico gihugu ciyitirira mu buryo ataribwo ibice vy’amazi mw’ibahari Indien. Ibice birimwo amatungo akomeye y’ibitoro na gaz. Akarere karimwo amatati karenga ibilometero kwadarato ibihumbi ijana.

Somaliya, mu vyo yashikirije sentare mpuzamakungu y’ubutungane y’ishirahamwe O-N-U, mu mwaka w’2014, yatangaje kw’ibihugu vyompi bitumvikana, kuho urubibe ruherereye mw’ibahari.

Ibiganiro hagati y’ivyo bihugu bibiri ntivyashoboye gutorera inyishu ayo matati.

Somaliya, yasavye iyo sentare kwerekana urubibe nyakuri aho ruri, mw’ibahari Indien.

Urubanza rutegekanijwe kwumvirizwa kuva kw’italiki 19, gushika kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icenda.

XS
SM
MD
LG