Uko wahagera

Icuka si Ciza Hagati ya Kenya na Somaliya


Ikarata ya Afrika yerekana Somalia na Kenya
Ikarata ya Afrika yerekana Somalia na Kenya

Reta ya Somaliya yarafashe ingingo zicuresha icuka kibi mu migenderanire ya kidipolomasiya inyuma y’aho igihugu ca Kenya gitumiyeko uwugiserukira i Mogadishu no gusaba Ambasaderi wa Somaliya kuva i Nairobi.

Ivyo bihugu bibiri bifitaniye amatati ku mbibe mu mazi bisangiye.

Reta ya Somaliya ishikiriza ko ibabajwe n’ingingo yafashwe na Kenya yo gusaba Ambasaderi wayo kuva muri Kenya ata biganiro birinze kuba na reta ya Somaliya.

Amatati y’imbibe z’amazi hagati ya Somaliya na Kenya yarashikirijwe sentare mpuzamakungu. Somaliya yitwaye mu mwaka wa 2014 inyuma y’aho ibiganiro vya kidipolomasiya ata nyishu vyatanze nkuko iyo reta ibishikiriza. Agace ko mu mazi kangana n’ibilometero kwadrato ibihumbi 100 niko ivyo bihugu bipfa.

Igihugu ca Kenya gifise abasirikare baharurwa mu bihumbi bari gufasha muri Somaliya mu nteko za Amisom zirwanya iterabwoba rya al-Shabab.

Reta ya Somaliya ivuga ko yiteguye gukorana na Kenya kugira batorere umuti ibibazo batumvikanako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG