Uko wahagera

Jacob Zuma Arongera Kurenguka Imbere y'ubutungane


Jacob Zuma yahoze ari Perezida wa Afurika y’Epfo n’abo bareganwa muri Dosiye y’ibiturire yagirizwa kuba yarariye mu 1999 akiri icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, biciye mu masezerano yo kugura inkoho na sosiyete y’Abafaransa yitwa Thales, ararenguka imbere y’ubutungane kuri uno wa kabiri.

Urubanza rwa Zuma n’abo barerwana rwari kuba rwarumbvirijwe mu kwezi kwa gatanu ruhava rwegezwa inyuma biturutse ku kiza ca Virusi ya Corona. Mu gihe akatari gake yasivye kwitaba ubutungane asigura ko yari akitswe n’amagara, uno munsi yemanze ko ata gisivya ahangana n’ubutungane mu co yise urubanza rusumba zose mu zo amaze kuburana.Ivyaha Zuma yagirizwa vyose hamwe ni 16.

Urubanza rw’uno wa kabiri ruza kumvirizwa inyuma yaho Sentare yankiye icifuzo ciwe ca mbere co kumuvanako ivyo vyaha vyose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG