Uko wahagera

Jacob Zuma Yahoze ari Perezida w'Afurika y'Epfo Yasohorewe Umutahe


Sentare nkuru y' Afurika y’Epfo yasohoye umutahe wo guhagarika Jacob Zuma yahoze ari perezida w’ico gihugu.

Amakuru yatanzwe n’iradiyo y’igihugu muri Afurika y'Epfo avuga ko Zuma amaze amezi atari make yanka kwitaba sentare kuri dosiye y'ibiturire yagirizwa. Ubwa nyuma atitavye yasiguye ko arwaye.

Amakuru atarashobora kwemezwa avuga ko Zuma yoba ari mu gihugu ca Cuba kwivuza. Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu, vyatumyeko impapuro ziwe zo kwa muganga.

Umushingwamanza wa Zuma, Daniel Mantsha, yavuze ko bakiriye nabi ivy'uwo mutahe ku bwiwe werekana ko "Sentare itanezwe amagara ya Zuma". Daniel Mantsha yemeye ko abaganga ba Zuma bazokorana bagasuzuma nimba yoshobora kwitaba urubanza mu kwezi kwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG