Uko wahagera

Jacob Zuma Yongeye Kurengukishwa muri Dosiye y'Ibiturire Yagirizwa


Uwahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma
Uwahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma

Jacob Zuma yahoze ari Prezida wa Afrika y’Epfo kuri uno wa mbere yitavye sentare ku vyaha yagirizwa vya ruswa n’ibiturire hamwe no gukoresha amafaranga yaronse mu buryo butemewe n’amategeko.

Zuma w'imyaka 77 yumviririjwe muri sentare yo mu ntara ya KwaZulu-Natal.

Ivyaha yagirizwa vyatanguye gushikirizwa mu myaka 10 iheze yamara ibiro vy’umushikirizamanza w’igihugu vyari vyafuse ivyo birego mu 2008.

Ivyo birego vyasubiye gushikirizwa inyuma y’aho sentare ifatiye ingingo ivuga ko hari ivyagiriji bikwiye vyerekana ko akwiye kurengukishwa imbere y’ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG