Uko wahagera

SAF: Jacob Zuma Yahawe Igihe Ntarengwa co Kwitaba Sentare Nkuru


Mu nzu sentare nkuru ikoreramo bigaragara ko Jacob Zuma atari ku ntebe yari yamuteganyirijwe.
Mu nzu sentare nkuru ikoreramo bigaragara ko Jacob Zuma atari ku ntebe yari yamuteganyirijwe.

Sentare nkuru mu gihugu c’Afrika y’epfo yanse icifuzo ca Jacob Zuma yahoze arongoye ico gihugu, co kudakurikiranwa ku caha c’ibiturire yagirizwa.

Ni igituririre cababa amafaranga y’Abanyaburaya 216000 yoba yarazimiye mu 1999 akiri icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, biciye mu masezerano yo kugura inkoho na sosiyete y’Abafaransa yitwa Thales.

Ababuranira Zuma ntibaravuga ikigiye gukurikira. Gusa, amategeko y’igihugu arabarekurira kunguruza urubanza rw’uwo baburanira muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Hagati aho, ubutungane muri Afrika y’Epfo bukomeje kugira amakenga ku mpapuro z’abanganga zisigura ko igituma Jacob Zuma yarasivye kubwitaba akatari gake ari uko yari akitswe n’amagara. Akaramuka atabwitavye kw’igenekerezo rya gatandatu ukwezi kwa gatanu, umutahe wo kumuhagarika buvuga ko bufise uzosohorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG