Uko wahagera

Irani Yagiriza Amerika Kwivanga mu Bibazo Vyayo


Prezida mushasha wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Ebrahim Raisi. Uyu mutegetsi, yarigezwe gufatirwa ibihano n'Amerika.
Prezida mushasha wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Ebrahim Raisi. Uyu mutegetsi, yarigezwe gufatirwa ibihano n'Amerika.

Irani yagiriza Reta zunze ubumwe z'Amerika ko yivanga mu bibazo vyayo inyuma yuko inebaguye amatora aheruka kuba muri ico gihugu. Abategetsi ba Reta y'Amerika bavuze ko amatora yabaye mu mpera z’indwi iheze muri Irani ataranzwe n’ubwigenge kandi yarimwo utunenge.

Ebrahim Raisi, yahoze ari umucamanza w’intagondwa yafatiwe ibihano na Amerika ni we yatsinze amatora yabaye ku musi wa gatanu w’indwi iheze nkuko vyari vyitezwe n’abantu benshi. Ayo matora yaranzwe n’ibitigiri biri hasi cane vy’abayitavye.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika yatangaje ku musi wa mbere ko uburyo Raisi yatowe kuba prezida burimwo amahinyu. Yamara abategetsi ba Irani baravyiyamiriza.

Babona ko ivyatangajwe n’abategetsi ba Amerika ari ukwivanga mu bibazo vy’igihugu cabo mu biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu. Umuvugizi wa Reta ya Irani, Ali Rabiei yatangaje ko ata bubasha abategetsi ba Amerika bafise bw’ugushikiriza ivyiyumviro ku matora abereye mu bindi bihugu.

Ibirenga ica kabiri c’abari barekuriwe gutora ntibitavye amatora yo ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Abayitavye bari hafi ya 48.8 kw’ijana. Irani iriko irondera ko ibihano yafatiwe n’amakungu bivanwaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG