Uko wahagera

Prezida Mushasha wa Irani Avuga ko Atazobonana na Biden w'Amerika


Prezida Mushasha wa Irani Ebrahim Raisi

Prezida aherutse gutorwa mu gihugu ca Irani, Ebrahim Raisi, yatangaje ko atazobonana na Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden. Mu kiganiro yagiriye kuri televiziyo, Prezida Raisi yamenyesheje kandi ko atazoganira nawe ku vyerekeye umugambi w’igihugu ciwe werekeye ibigwanisho “misile balistike” hamwe n’uko ico gihugu gifasha abarwanyi bo mu karere kirimwo. Yabitangaje inyuma y’uko atsinze n’amajwi menshi cane amatora yabaye mu ndwi irangiye.

Abajijwe ku ruhara yagize mw’iyicwa ikivunga ry’abantu bagera ku 5,000 mu mwaka w’I 1988, Raisi yavuze ko ari umuntu aharanira agateka ka zina muntu. Yatangaje ko Amerika itegerezwa gukuraho ibihano yafatiye igihugu ciwe. Yabitangaje mu kiganiro ca mbere yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’amatora yabaye ku musi wa gatanu w’iyi ndwi turangije.

Uwari yahiganywe na Raisi mu matora, Abdolnasser Hemmati, yari yatangaje, igihe yariko ariyamamaza, ko yipfuza kubonana na Prezida Biden. Ntaco abategetsi ba Reta ya Amerika bishuye buno nyene ku vyatangajwe na Ebrahaim Raisi. Niwe mukuru w’igihugu wa mbere wa Irani azoba yafatiwe ibihano na Reta ya Amerika imbere y’uko ashikira icese amabanga yiwe. Yafatiwe ivyo bihano igihe yari umukuru w’urwego rujejwe ubutungane muri Irani rwanebaguwe n’amakungu.

Raisi, arashigikiwe bikomeye n’umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei. Intsinzi yiwe yaranzwe n’igitigiri kiri hasi cane c’abitavye amatora mu bitari bwabe mu mateka ya Irani. Abanyagihugu ba Irani imiliyoni n’imiliyoni ntibitavye amatora babona ko yari yatunganijwe ku buryo yari gutsindwa na Raisi inyuma y’uko abakandida bakomeye batari bafise imigambi yo guhindura ibintu batemerewe guhiganwa.

Intsinzi yiwe itumye abafise ivyiyumviro vy’intagondwa biganza muri reta, mu gihe ibiganiro bigenewe kugarukira amasezerano yo guhagarika umugambi wa Irani werekeye ibirwanisho ruhonyanganda bibandanya i Vienne muri Otirishiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG