Uko wahagera

Irani Ntizokorana na USA mu Matohoza y'Impanuka y'Indege ya Ukraine


Ibisigarira vya Boeing 737 yo muri Ukraine yahitanye 176
Ibisigarira vya Boeing 737 yo muri Ukraine yahitanye 176

Irani itangaza ko idashobora guha Amerika udusandugu twirabura, boîtes noires, tw’indege ya Ukraine yo mu bwoko bwa Boeing 737, yagiriye isanganya ku butaka bw’ico gihugu igahitana ingenzi zose 176 zari ziyirimwo.

Utwo dusandugu twirabura tubika ibibera mu ndege vyose ni two twifashishwa mu matohoza.

Uwahoze arongoye ikigo BEA co mu Bufaransa kijejwe ivy’amatohoza n’umutekano mu vy’indege yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko icuka kibi kiri hagati ya Irani n’Amerika gishobora gutuma amatohoza agorana.

Jean-Paul Troade yasiguriye AFP ko amatohoza y’impanuka nk’iyabaye uno munsi asaba ubuhinga buhanitse, bufiswe n’ibigo bitari bike. Ikiza kw’isonga muri ivyo bigo ni NTSB, National Transportation Safety Board, co muri Amerika na BEA co mu Bufaransa.

Amategeko mu vyo gutohoza ku sanganya z’indege atomora ko uruhara rwa mbere rugira igihugu cabereyemwo isanganya. Kuvy’ino sanganya ni Irani rero ibazwa ubwa mbere ivy’ano matohoza.

Gusa, ayo mategeko aranavuga ko igihugu cakoze iyo ndege co kimwe na ca nyene indege bifise uburenganzira bwo guhitamwo uwokora amatohoza. Vyumvikana ko Amerika nayo yegwa n’ano matohoza kuko indege yahenutse yakorewe muri Amerika.

Boeing 737 ya Ukraine yakorotse igihaguruka ku kibuga c’indege ca Teherani umurwa mukuru wa Irani yariko igana Kyiv umurwa mukuru wa Ukraine. Abenshi mu 176 bayiguyemwo ni Abanyayirani n’Abanyacanada.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG