Uko wahagera

Iraki mu Ruhigi rw'Abahatswe Kugandagura Umushikiranganji wa Mbere


Umushikiranganji wa mbere wa Iraki kumwe n'abajejwe umutekano inyuma yo kurusimba
Umushikiranganji wa mbere wa Iraki kumwe n'abajejwe umutekano inyuma yo kurusimba

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi yarabonanye na Prezida w'ico gihugu, Barham Salih, hanyuma akoresha inama ku bijanye n'umutekano na reta yiwe ku musi w'Imana. Hari inyuma y’aho arusimbiye, ahatswe kumugandagurwa mu masaha ya kare y'uwo musi nyene.

Umushikiranganji wa mbere yaganiye ku gitero cakozwe imuhira iwe mu gice gikingiwe cane co ku murwa mukuru wa Iraki, Baghdad. Ico gice ni co kirimwo inyubakwa za reta n’iz’abaserukira ibihugu vyo mu mahanga. Yamenyesheje ko bazobandanya guhiga abakoze ico gitero kigayitse kandi ko babazi neza, ata nkenka bazobatora.

Ico gitero cakozwe hakoreshejwe indege 3 zitagira abadereva bita drone zari zuzuye amabombe, carakomerekeje abacungera ubuzima bwiwe batari bake. Cabaye inyuma y’uguhangana hagati y’inteko zijejwe umutekano z’igihugu n’abashigikiye imigambwe ishigikiwe n’igihugu ca Irani inyuma y’uko batsinzwe bikomeye mu matora yabaye mu gihugu haraheze hafi ukwezi.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi, yatangaje ko abakoze ico gitero n’ababashigikiye bashaka ko igihugu gitwarwa n’inkozi z’ikibi kandi kirangwa n’akajagari. Avuga ko bo bashaka reta yubaka igihugu, kazoza kaco, k’abana baco kandi cubahiriza agateka k’abanyagihugu. Nta wiyitiriye igitero co ku musi w’Imana.

Prezida w’Amerika, Joe Biden, yiyamirije igitero cakozwe ku mushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi. Yarahayagije ubuyobozi bwiwe, yongera asaba ko abanyagihugu boguma batekanye, bakihangana kandi bagashira imbere ibiganiro kugira bakingire inzego z’igihugu, bongere bakomeze demokrasi mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG