Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Iraki Yarusimvye


Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi,
Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi,

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi, yarusimvye mu gatondo k’uno wa mungu. Mw’itangazo Reta ya Iraki yasohoye, yemeje ko indege itagira umudereva (Drone) yamijaguye ibisasu ku muhana wa Mustafa uri ku murwa mukuru Baghdad.

Abantu indwi mu bamucungera umutekano bakomerekeye muri ico gitero Reta ivuga ko cari kigamije kumuhitana. Nta murwi n’umwe uraciyitirira. Mu butumwa Umushikiranganji Mustafa yacishije kuri tereviziyo y’igihugu, yahumurije abanyagihugu abahamagarira gutekana, yongera asaba ico yise ibiganiro vyoba mu mahoro.

Igitero c’uno wa Mungu gikurikiye imyiyerekano abanyagihugu biyamiriza ivyavuye mu matora yo mu kwezi guheze bakoreye mu micungararo y’umuhana wa Mustafa al-Kadhimi. Umuhana w’uwo mutegetsi uherereye muri karitiye irimwo ubuserukizi bw’ibihugu bitari bike n’inyubakwa nyinshi za reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG