Uko wahagera

Inama Rukokoma Yakemura Amatati yo muri Kameruni?


Perezida wa Kameruni, Paul Biya
Perezida wa Kameruni, Paul Biya

Muri Kameruni kuri uno wa mbere hatanguye ibiganiro vyo ku rwego rw’igihugu bigamije kuronderera umuti intambara ishobora gucamwo igihugu ibice bibiri: Ic’abavuga icongereza n’abavuga Igifaransa.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ryatangaje ko ibiganiro biriko bibera mu mirwi bihabwa amahirwe make yo kugira ico bivuyemwo kuko indongozi z’abahanganye zitavyitabiriye.

Perezida wa Kameruni Paul Biya agisaba ibi biganiro mu ntango z’uku kwezi kwa cenda yari yavuze ko ari ibiganiro yipfuza ko vyitabirwa n’abanyepolitike, abayobozi bo ku nzego zo hasi, abanyamashengero, abategetsi mu nzego za gisirikare, abaharanira kwigenga kw’igice gikoresha icongereza hamwe n’abanyamategeko.

Imishamirano ishingiye ku matati y’ikoreshwa ry’Igifaransa n’Icongereza muri Kameruni imaze guhitana abarenga 3000 kuva mu 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG