Uko wahagera

Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Icegeranyo ca ONU ku Burundi


Abanyagisagara atari bake bitabiriye imyiyerekano yo kwiyamiriza icegeranyo c’umunyamabanga mukuru wa ONU
Abanyagisagara atari bake bitabiriye imyiyerekano yo kwiyamiriza icegeranyo c’umunyamabanga mukuru wa ONU

Bamwe mu banyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ibiri mu cegeranyo c’umuyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres.

Muri ico cegeranyo, Antonio Guterres avuga ko icuka ca politike atari ciza mu gihugu hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri iyo raporo Uburundi bwiyamiriza, yaranebaguye bikomeye umugambi wa perezida Petero Nkurunziza w’uguhindura Ibwirizwa Shingiro mu bishobora gutuma aguma ku butegtetsi mu kindi kiringo c’imyaka cumi canke irenga.

Uwundi yiyamirijwe muri iyo myiyerekano, ni uwuhagarariye ishami rya ONU rijejwe impunzi mu karere no ku Burundi aherutse gushikiriza i Geneve mu ko ONU yiteze muri uno mwaka wa 2018 impunzi z’abarundi ibihumbu 50.

Bitegakanijwe ko urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi ruganira ku cegeranyo c’umunyamabanga mukuru, Antonio Guterres kw’italiki 26 z’ukwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG