Uko wahagera

HCR Ikeneye Uburyo bwo Gufasha Impunzi z'Abarundi Ibihumbi 430


Abarundi Batonze ku Murongo Barindiriye Kuronka Infashanyo mw'ikambi ya Mahama iri mu Rwanda
Abarundi Batonze ku Murongo Barindiriye Kuronka Infashanyo mw'ikambi ya Mahama iri mu Rwanda

Ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ritangaza ko muri uno mwaka w’2018, rikeneye amafaranga arenga imiriyoni 391 z’amadolari y’Abanyamerika kugira rishobore gufasha impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 430.

HCR ivuga ko muri ayo mahera, imaze kwegeranya ibice 21 kw’ijana gusa.

Mw’itangazo ryayo, iryo shirahamwe risigura ko ico kibazo c’uburyo buke catanguye kugira ingarukambi ku Barundi aho bari mu makambi.

HCR ivuga ko infungurwa zabo zagabanijwe, amagara yabo ntariko arakurikiranwa bihagije, abanyeshure ntibagira amasomero bigiramwo kubera ubwinshi bwabo, uburaro bw'abatari bake ntibushemeye, nkuko iryo shirahamwe ribandanya ribisigura.

Abarundi bagera ku bihumbi 61 baramaze kwitabira akamo ka Reta ko guhunguka. Yamara, HCR, yemeza ko hambavu y’abo bahunguka hari abandi babandanya bahunga.

Iryo shirahamwe rikemeza ko riravye ibitigiri uko vyifasha, umwaka w’2018 ushobora kuzohera Abarundi bahunze baharurwa mu bihumbi 500.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG