Uko wahagera

Imiryango y'Abapfanye na Perezida Ntaryamira Isaba Gushumbushwa


Ishingurwa ry'Umuhisi Cyprien Ntaryamira na bamwe mu bo bapfanye
Ishingurwa ry'Umuhisi Cyprien Ntaryamira na bamwe mu bo bapfanye

Ishirahamwe AVOD rihurikiyemwo impfuvyi n'abapfakazi b'abashikiranganji babiri bapfanye na Perezida Cyprien Ntaryamira mu 1994 risaba ibihugu bigenzi vy'Uburundi gufasha kugira urubanza rutohozwe kuri urwo rupfu.

Abo basigwa banasaba indishi y'akababaro kubera indege baguyemwo yari ifise ubwishingizi bakanahamagarira Reta guha akazi abana basizwe. Abo bashikiranganji bapfanye na Perezida Cyprien Ntaryamira ni Benard Ciza na Cyriaque Simbizi.

Mw'itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uno wa mbere ryavuze ko urupfu rw'abo wabaye umubabaro utagira uko ungana atari ku miryango yabo gusa ahubwo no ku Barundi bose, hari haheze amezi atandatu gusa babuze umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu Melchior Ndadaye yishwe mw’ihirikwa ry’ubutegetsi ku wa 21 ukwezi kw’icumi 1993.

Abasigwa b’aba bategetsi b’Uburundi basaba ibihugu na cane cane bibanyi vy’Uburundi gutanga intererano ishoboka kugira urubanza rwerekeye urupfu rwabo ruburanishwe. Ku musi wa gatanu w’indwi iheze, Prosper Ntahorwamiye avugira Reta y'Uburundi yavuze ko igihugu c’Uburundi kiticaye.

Cyprien Ntaryamira yapfuye ku myaka 39 gusa yari umukuru w’igihugu agira kabiri wo mu bwoko bw’Abahutu arongoye Uburundi inyuma ya Melchior Ndadaye. Yari yagiye ku butegetsi ku wa 5 ukwezi kwa kabiri 1994 akaba yaraguye mu ndege yahitanye mugenzi we w’u Rwanda, Juvenal Habyarimana mu gihe bari bavuye mu nama mu gihugu ca Tanzaniya.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Ibindi mu vyo Imiryango y'Abapfanye na Ntaryamira Isaba
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:21 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG