Uko wahagera

Iminsi 43 Irarumanye Abaganga muri Zimbabwe Bahagaritse Imirimo


Abaganga bagararije akazi muri Zimbabwe bihojeje uno musi ku wa mbere ingingo ya sentare igenga abakozi ibategeka gusubira ku kazi. Bavuga ko inyongera y’umushahara yashikirijwe na Reta ata karusho bayibonamwo.

Iminsi 43 irarumanye abaganga muri Zimbabwe bataja ku mirimo yabo. Batangaza ko amafaranga bahembwa muri iki gihe ata kamaro abagirira kubera ifaranga ry’igihugu ryataye agaciro bikomeye.

Ishirahamwe ry’abaganga muri Zimbabwe, “Zimbabwe Doctors Association” ryatangaje ku musi w’Imana ko rizokwunguruza muri sentare nkuru y’igihugu. Ni mu gihe ibiganiro na Reta vyahagaze kuva abaganga biyamirije umuhango wa ya Reta w’ukwongereza imishahara yabo ibice 60 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG