Uko wahagera

Abarwayi Benshi Ntibavuwe muri Zimbabwe


Ibitaro bikomeye vya Reta muri Zimbabwe vyasubije abarwayi batari bake inyuma uno musi ku wa gatatu. Vyitayeho gusa abaremvye cane. Ni mu gihe ukugarariza akazi kw’abaganga gutera gukomera kurushiriza.

Abaganga bagararije akazi mu ntumbero yo kurondera kuremera Reta kugira yongereze imisharara yabo hamwe n’ugutorera inyishu ikibazo c’imiti mu bitaro.

Ukugarariza akazi kw’abaganga kwakwiragiye kuva gutanguye haheze indwi zibiri mu baganga bagitangura umwuga wabo. Abaganga bamenyesheje ko bazogaruka ku kazi kabo igihe ibibazo vyose bizoba vyatorewe inyishu.

Uno musi ku wa gatatu abaganga bamaze igihe mu mabanga yabo bifatanije n’abagitangura umwuga wabo mu kugarariza akazi. Hari amakenga kw’abarwayi bashobora gupfa kubera ukubura abaganga babitaho.

Ingingo y’abaganga y’ukugarariza akazi ishobora gutera ikibazo Perezida Emmerson Mnangagwa, yashitse ku butegetsi inyuma y'uko Robert Mugabe akuweho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG