Uko wahagera

Abaforoma n’abaforomakazi batari bake mu gihugu ca Zimbabwe bagize imyiyerekano, uno musi ku wa gatanu, ku murwa mukuru, Harare. Ni inyuma y'uko reta ibirukanye mu kazi bifatiye ku kugarariza akazi kwabo kubera bavuga ko imishahara iri hasi n’uburyo bubi bakoreramwo.

Mu myiyerekano yabo, basaba reta gusubira ku ngingo y’ukubirukana mu kazi. Ukugarariza akazi kwabo kwabaye gatoyi inyuma y'uko abaganga barangije mu ndwi iheze ukugarariza akazi kwamaze ukwezi.

Abaforoma n’abaforomakazi bari mu myiyerekanao basaba gusubira mu kazi kabo. Yamara bemenyesheje ko ivyo bidashobora kuba mu gihe ata buryo buhagije bafise. Ibitaro vya reta ntibifise imiti ihagije mu bubiko. Abarwayi bategerezwa kugura imiti mu mamangazini y’abikorera ku giti cabo.

Icegera ca Prezida wa Zimbabwe Constantino Chiwenga
Icegera ca Prezida wa Zimbabwe Constantino Chiwenga

Icegera ca Prezida wa Zimbabwe, Constantino Chiwenga, yirukanye abaforoma n’abaforomakazi ku musi wa kabiri. Yabagirije ko ukugarariza akazi kwabo gufatiye ku mpamvu za politike. Yamara bavuga ko atari abanyepolitike, ko ari abantu bakunda igihugu.

Abanyagihugu basanzwe n’abaharanira uburenganzira bw’ikiremwa muntu bafatanije n’abaforoma hamwe n’abaforomakazi mu myiyerekano yabo y’uno musi ku wa gatanu. Banditse amakete hamwe n’ababashigikiye asaba reta kubasubiza mu kazi kabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG