Uko wahagera

Igitero ca Bombe Cahitanye 2 Gikomeretsa 22 muri Pakistani


Ahabereye igitero muri Pakistani
Ahabereye igitero muri Pakistani

Muri Pakistani, abantu 2 bapfuye, abandi 22 barakomereka mu gitero ca bombe cabaye uno musi ku wa kane mu gisagara gikomeye ca Lahore. Abategetsi b’ibitaro n’igipolisi bamenyesha ko iyo bombe yaturikiye mu gice ca kera abantu benshi baguriramwo ibintu citwa Anarkali.

Amatohoza ya mbere yerekana ko iyo bombe yari yatezwe kw’ipikipike nk’uko umuvugizi w’igipolisi mu gisagara ca Lahore, Rana Arif, yabitangarije itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufaransa, AFP.

Nta murwi n’umwe uremanga ko ari wo wakoze ico gitero. Yamara harabaye ibitero bitari bike ku gipolisi muri Pakitani kuva mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2021. Ni igihe agahengwe hagati ya reta n’Abatalibani muri Pakistani karangira.

Umurwi, Tehreek-e-Taliban Pakistani, TTP, mu mfunyapfunyo, usangiye ivyiyumviro n’Abatalibani bo muri Pakistani, waremanze ko ari wo wakoze vyinshi mu bitero vyabaye. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG