Uko wahagera

ONU Ivuga ko Imiriyoni 23 z'Abanyafuganistani Bugarijwe n'Inzara


Umuvyeyi areze umwana muri Afuganistani
Umuvyeyi areze umwana muri Afuganistani

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abanyafuganistani imiliyoni 23 bageramiwe bikomeye n'inzara. Ico kibazo gishobora gutangura gukomera kurushiriza kuva mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka.

Ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe ibifungurwa, FAO, rimenyesha ko ingaruka z’uruzuba, intambara n’ubutunzi bwatitutse vyageramiye bikomeye ubuzima bw’abanyagihugu n’ugushobora kuronka ibifungurwa.

Amashirahamwe atanga imfashanyo avuga ko inkwirikizi z’uruzuba zibonekeje muri uyu mwaka zishobora kuzobandanya gushika mu mwaka w’i 2022. Mu bageramiwe n’inzara harimwo abana bari musi y’imyaka 5 imiliyoni zitatu n’ibihumbi amajana abiri bashobora kuzogira ikibazo gikomeye cane co gufungura mu mpera z’uyu mwaka.

Iryo tohoza ryakozwe n’ishirahamwe ONU ribaye mu gihe, igihe c’ubukanye bukomeye cegereje. Ivyo bishobora gutuma imfashanyo zidashobora gushikira ibice vy’igihugu aho imiryango izera kuri izo mfashanyo mu mezi atari make yo mu gihe c’ubukanye bukomeye.

Ibihugu bihana urubibe na Afuganistani, harimwo Ubushinwa, Pakistani na Irani biza vyararungitse imfashanyo. Ivyo bihugu vyaremeye kuyongereza kurushiriza kugira bifashe Reta y’abatalibani guhangana n’ikibazo c’ibifungurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG