Uko wahagera

ONU Igabisha Ibihe vy'Inzara mu Banyagihugu muri Afuganistani


Umunyafuganistani atahukanye imfashanyo
Umunyafuganistani atahukanye imfashanyo

Porogaramu ya ONU yita ku bifungurwa, PAM, muri Afuganistani, yavuze kuri uyu wa gatatu ko ukubaho kw’abanyagihugu muri ico gihugu kuri mu bibazo vy’ubukene kandi bwiyongera ku murindi munini.

Umuyobozi wa PAM muri Afuganistani, Mary-Ellen McGroarty Megrorti yavuze ko ibihe vy’imbeho vyimirije bigiye kwunyura ibintu. Avuga ko ibiciro vy’igitoro vyaduze, ko abantu bagiye kubura ivyo bafungura n’ibibakingira imbeho.

Imbere yuko Abatalibani binjira i Kabul kw’itariki ya 15 y’ukwezi kwa munani bagafata ubutegetsi, igihugu cari kimaze imyaka mu bugaragwa, intambara, ukurya ibiturire hamwe n’ikiza ca corona. Abanyagihugu barenga imiriyoni 14 bari bakeneye imfashanyo. Imiriyoni zirenga 18 z’abana ntibagira ico bafungura.

ONU ivuga ko ibitigiri vy’abantu bakeneye imfashanyo zihutirwa vyitezwe ko vyiyongera mu gihe ibifungurwa hamwe n’ibiciro vy’igitoro bidahengeshanya kuduga kandi n’ubuzi butakiboneka.

Ibisata vya ONU vyafashije imiriyoni zitanu z’abanyefuganistani mu kwezi kw’icenda, mu gihe PAM yonyene yahaye ibifungurwa abarenga imiriyoni 3 n’ibihumbi 800.

ONU yasavye gutererwa hafi imiriyoni 606 z’amadolari muri iki kiringo c’umwaka gisigaye. Ariko imaze kuronka ayarenga gato ica gatatu c’ayo ikeneye. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG