Uko wahagera

Igihuhusi Goni Cahitanye Abantu Cumi Gisenyura Amazu muri Philippine


Igihuhusi kivanze n'imiyaga cahitanye abantu cumi muri Philippine. Abategetsi batanze ibi bitigiri bavuze ko ico gihuhusi ciswe Goni caciye umuyagankuba mu burere butandukanye, kibomagura amazu n'amabarabara. Amavidewo yahanahanywe, yerekanye inzuzi zarengewe n'amazi.

Igihuhusi Goni kije gikurikira iciswe Molave caciye muri ico gihugu mu ndwi iheze kigahitana 22 muri Philippine, na 35 muri Vietnam. Abajejwe ibirere bagabishije ko mu minsi iri imbere, hari ikindi gihuhusi gishobora kubangamira ico gihugu.

Ikigo ca Reta kijejwe ivy'ibiza muri Philippine kivuga ko abagera ku miliyoni 31 bashobora guhura n'ingaruka z'igihuhusi Goni.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG