Vyitezwe ko igihuhusi Zeta kigeramira intara zo mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika, uno musi ku wa gatatu. Ico kiza kuba gifise imiyaga ikomeye cane igihe kiza gushika muri Reta ya Louisiana. Iyo Reta yarasinzikajwe akatari gake n’ibihuhusi.
Igihuhusi Zeta gifise imiyaga y’umuvuduko w’ibilometero 150 kw’isaha congereje inguvu. Bitegekanijwe ko gishika ubwa mbere muri Reta ya Louisiana imbere yuko gitera kija mu kigobe ca Mississippi.
Ikigo c’igihugu gikwirikirana ibihuhusi muri Amerika cagabishije ko igihuhusi Zeta kizoba kirimwo imiyaga ikomeye cane izotuma imikuba ikomeye y’amazi yo mw’ibahari Atlantike yegereye ikigobe ca Mexique.
Umukuru w’igisagara ca New Orleans, LaToya Cantrell, yavuze ko igihuhusi Zeta gishobora kugeramira bikomeye igisagara ciwe. Yasavye abanyagihugu kuva mu bice bishobora kugeramirwa kurusha ibindi.
Abanyagihugu bo muri ico gisagara baracafise ubuhahamu bwatewe n’igihuhusi gikomeye ca Katrina cabiciye bigacika mu mwaka w’i 2005.
Ibice 80 kw’ijana vy’ico gisagara vyarasinzikajwe n’imyuzure, abantu barenga 1 800 barahasiga ubuzima.
Igihuhusi Zeta kigira indwi mu bihuhusi bikomeye cane vyabaye muri Reta ya Louisiana muri uyu mwaka.
Abahinga mu vy’ubumenyi bavuga ko ari ibishoboka ko ibihuhusi bikomeye bizotera vyiyongera mu gihe amazi y’amahabari azotera ashuha kubera ihindagurika ry’ibihe.
Facebook Forum