Uko wahagera

Vietnam: Abahitanywe n'Igihuhusi Molave Bageze ku 35


Igihuhusi Molave kiriko gica muri Vietnam kimaze guhitana n'imuburiburi abantu 35. Abarenga 50 baburiwe irengero. Ibitangazamakuru vya Reta muri ico gihugu bivuga ko abantu barenga umuliyoni n’amajana indwi nabo bari mu kizime catewe n’umuyaga nkuba wacitse mu bice bitandukanye.

Abategetsi muri Vietnam bemeza ko iki gihuhusi ciswe Molave ari co ca mbere mu bukari cibasiye ico gihugu co ku mugabane wa Aziya. Kije gisongera isibe y’ingaruka y’imvura yaguye mu minsi iheze igahitana abantu 160.

Abasirikare b’ico gihugu bari mu bariko baratabara, bongera barondera aboba basenyukiweko n’ibihomeke birimwo imisozi. Igihuhusi Molave gifise umuvuduko w’ibirometero 150 kw’isaha. Hagati aho, Reta igabisha ko Ibitigri vy’abo cahitanye bishobora kwiyongera kuko ibice bimwe bimwe bitariko birashobora gutanga amakuru y’ivyononekaye. Abamaze kwegeranirizwa hamwe barenga ibihumbi 40, amashure yose yugawe mu ntumbero yo gukinga .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG