Abategetsi ba Leta ya Amerika batangaje ko ingingo y’ukuziririza indege z’ingwano z’igihugu ca Libya mu kirere c’ico gihugu yubahirijwe inyuma y’imisi ibiri y’ibitero mu gihe umutegetsi w’igihugu ca Libya, Moammar Gadhafi avuze ko hazoba urugamba rurerure rw’igihugu ciwe rw’ukugwanya inteko z’abanyamahanga.
Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Amerika, Amiral Mike Mullen yatangaje ejo ku musi w’Imana ko ata ndege za gisirikare z’igihugu ca Libya zagurutse mu kirere c’ico gihugu kuva igikogwa ca gisirikare kiyobowe na Amerika gitanguye mu bibanza bijejwe kwivuna indege za gisirikare no ku nteko zigwanira hasi.
Mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi bwa Amerika, abategetsi baho batangaje ko ibitero vy’ama missile de Croisiere vy’urunani ruyobowe na Amerika n’ibitero vy’indege z’ingwano vyaranumije uburyo bw’ukwivuna abansi bwa prezida Gadhafi, vyongera birabuza inteko ziwe gutera zije mu gisagara ca Bengazi ciziziwe n’abagwanya Gadhafi.
Amabombe yaraturitse ku murwa mukuru wa Libya, Tripoli mw’ijoro ry’ejo ku musi w’Imana harimwo ibombe imwe yaturikiye mu gice c’aho Gadhafi aba. Abategetsi b’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bavuga ko ivyo bitero bidahiga Gadhafi ubwiwe.
Ingingo y’ugushiraho akarere kabujijwemwo indege hejuru y’igihugu ca Libya kagenewe gukingira abasivile b’abanya Libya ibitero vy’inteko zishigikiye Gadhafi, ariko agerageza kuzimanganya umugumuko umaze ukwezi w’abagwanya intwaro yiwe imaze imyaka 42.