Uko wahagera

Ibihugu vyo Muri Afrika Vyinshi, Ntibirashigikira umurwi w’Igihugu ca Libya NTC, Uhertse gufata umurwa Mukuru Tripoli

Ica gatatu c’ibihugu vyo muri Afrika, gushika ubu, ntibirashigikira umurwi w’igihugu ca Libya uri mu nama nkuru y’imfatakibanza, naho uyo murwi usa n’uwumaze kwomora Moammar Gadhafi hamwe n’umuryango wiwe. Amakuru atangazwa avuga kw’ibihugu vyinshi birindiriye kuraba niba abo bategetsi bashasha b’igihugu ca Libya, bazotunganya reta y’ubumwe, irimwo abanyaLibya bose. Hari kandi n’abavuga ko hari abategetsi batari bake, babona kw’uyo murwi w’abarwanya ubutegetsi uri mu nama nkuru y’igihugu NTC, ufashwa n’ibihugu vyo mu burengero, ngo vyoba bifise imvo zabatumye bishigikira uyo murwi.

Twaraganiye na professor Fabien Cishahayo, mur’iki gihe uyo murwi w’abarwanya ubutegetsi bwa Gadhafi uri mu nama nkuru y’imftakibanza mu gihugu ca Libya, usagirije igisagara ca Bani –Walid, kirimwo abanyagihugu batari bake bashigikiye Moammar Gadhafi

XS
SM
MD
LG