Uko wahagera

Ibihugu vy'Afurika Birarungika Inteko muri Mozambike Kurwanya Umugumuko


Abasoda b'igihugu ca Mozambike bariko barakizura mu mabarabara
Abasoda b'igihugu ca Mozambike bariko barakizura mu mabarabara

Ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko vyemeje uno musi ku wa gatatu ingingo yo kurungika inteko muri Mozambike gufasha kurwanya umugumuko utera wiyongera w’abarwanyi b’abayislamu bakorana n’umurwi al-Qaida.

Itororokanyirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, rivuga ko umunyamabanga nshingwabikorwa wa SADC, ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, yabitangaje nyuma y’inama abakuru b’ibihugu vy’ako karere bahuriyemwo ku murwa mukuru wa Mozambike, Maputo.

Iryo shirahamwe rigizwe n’ibihugu 16, rimaze igihe ryihweza ukugene ryotora umuti w’intambara iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mozambike. Iyo ntambara yatanguye mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2017, imaze guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi ku mpande zose, mu gihe abantu barenga 800,000 bavuye mu zabo.

Yatumye imigambi yerekeye gucukura mur’ako karere umwuka utanga inguvu, bita “gaz naturel” mu rurimi rw’igifaransa ihagarara.

Nk’uko itororokanyirizo Reuters ibivuga, nta vyinshi itangazo ryashikirijwe inyuma y’inama y’abakuru b’igihugu bigize ishirahamwe SADC ryamenyesheje ku gitigiri c’inteko zizorungikwa muri Mozambike, igihe zizorungikirwako canke uruhara zizogira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG