Uko wahagera

Mozambike Yemeza ko Yatujije Intagondwa za Islamu


Bamwe mu basirikare ba Mozambique
Bamwe mu basirikare ba Mozambique

Perezida wa Mozambike, Felipe Nyusi, yatangaje ko abarwanyi bakorana na reta ya Kiyislamu batujijwe mu gisagara ca Palma kiri mu buraruko bw’igihugu.

Mu vyo Prezida Nyusi yamenyesheje ubwa mbere ku mugaragaro kuri ico gitero, ni uko ata ntsinzi bariko batangaza kubera bariko barwanya iterabwoba.

Mw’ijambo yashikirije umusi umwe imbere y’uko haba inama y’abategetsi bo mu karere ku ruhagarara rurangwa mu buraruko bw’igihugu, Nyusi avuga ko reta yiwe yasavye abayitabara. Nta birenga ngaho yashikirije.

Avuga ko reta yiwe yamaze kwereka amakungu ku buryo bugaragara ivyo ikeneye kugira ihangane n’iterabwoba, kandi ko biriko birihwezwa muri iki gihe. Ivyo yabishikirije mw’ijambo ry’uguhimbaza umusi wahariwe abakenyezi mu gihugu.

Perezida Nyusi avuga ko abazoba baje bava hanze y’igihugu batazoba baje kubasubirira, bazoba baje kubafata mu mugongo. Abarwanyi bakorana na reta ya kiyislamu bafashe igisagara ca Palma kiri ku nkengera y’ibahari y’Ubuhinde inyuma y’igitero cabo catanguye kw’italiki 24 y’ukwezi kwa gatatu.

Barasahuye ibitaro, bongera baraturira amabanki n’ibiro vy’umushikirizamanza. Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryitaho impunzi, HCR, rivuga ko ico gitero cahitanye abantu batari bake, mu gihe abandi barenga 11,000 bategerejwe guhunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG