Uko wahagera

Guinee mu Matora Alpha Conde w'Imyaka 82 Aronderamwo Manda ya 3


Ifoto ya Perezida Alpha Conde (i bubamfu) na Cellou Dalein Diallo (i buryo) bahanganye muri ano matora
Ifoto ya Perezida Alpha Conde (i bubamfu) na Cellou Dalein Diallo (i buryo) bahanganye muri ano matora

Muri Guinee, abanyagihugu kuri uno wa Mungu bazindukiye mu matora vyitezwe ko aza gutatura niba Perezida Alpha Conde ari ku butegetsi kuva mu 2010 yongerwa manda ya gatatu canke akinjura. Aya matora atariko avugwako rumwe yatunganijwe inyuma yaho Perezida Conde w’imyaka 82 ahinduriye ibwirizwa nshingiro, gutyo akaronka uburenganzira bwo kwitoreza iyindi manda.

Muri rusangi abariko baritoza barenga cumi bagizwe ahanini n’abahoze ari abashikiranganji, barimwo abapfasoni babiri. Vy’umwihariko ariko, Perezida Conde ahanganye na Cellou Dalein Diallo arongoye abatavuga rumwe n’ubutegetsi akaba yanahoze ari umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu. Diallo w’imyaka 68 si ubwa mbere ahangana na Alpha Conde kuko mu 2010 na 2015 bahiganiye intebe y’umukuru w’igihugu.

Abakurikiranira hagufi politike ya Guinee basesangura bavuga ko amatora yo kuri uno wa Mungu ashobora kuzokurikirwa n'imvururu nyinshi bivanye n'icuka kitari ciza yatunganirijwemwo: Abadashigikiye ko Perezida Conde yitoreza manda ya gatatu kuva akivuga ko agiye kuyitoreza, bihereje amabarabara biyamiriza ico bise ihonyanrwa ry’amategeko, mu gihe abamushigikiye bo basigura ko amatora ya kamarampaka kw’ihindurwa ry'ibwirizwa nshingiro yabaye mu kwa gatatu yatumye ibiringo vyose bibiri Conde amaze ku butegtsi bicika ubusa, gutyo bagasigura ko ari uburenganzira bwiwe bwo kwitoreza izindi manda.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, mu cegeranyo caryo ryemeza ko abantu bagera kuri 50 mu biyamirije manda ya gatatu ya Conde baguye mu myiyerekano. Amashirahamwe adakiranira inyungu za politike akorera mu gihugu yo yamara avuga ko abo azi neza barenga 90, kandi bose bazize inguvu abajejwe umutekano bakoresheje muri iyo myiyerekano.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG