Uko wahagera

Perezida Buhari Asaba Bagenzi We muri CEDEAO Kubahiriza Manda


Abakuru b'ibihugu vyo muri CEDEAO mu nama i Niamey muri Nijeri.
Abakuru b'ibihugu vyo muri CEDEAO mu nama i Niamey muri Nijeri.

Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari yagabishije bagenzi we bo mw’ishirahamwe CEDEAO bahindagura amabwirizwa shingiro y’ibihugu vyabo mu kwigumiza ku butegetsi. Ni mu gihe bamwe muri bo bariko barondera manda zigira gatatu kandi biriko biratera uruhagarara.

Mw’ijambo yashikirije mu nama ya CEDEAO ku musi wa mbere, Buhari yavuze ati: Birahambaye nk’abategetsi bo mu bihugu bihurukiye mu muryango, dukwiriye kwubahiriza amategeko ari mu mabwirizwa shingiro yacu, cane cane ayajanye n’ibiringo.”

Perezida Buhari yabivugiye mu nama y’uwo muryango, yariko irabera i Niamey, muri Nijeri. Yongeye ati: " Ndasavye ko twese tutotwarwa n’ikigeragezo co kwigumiza ku butegetsi turenze kubiri mu mabwirizwa shingiro.

Ni mu gihe Perezida wa Cote d’Ivuware, Alassane Ouattara, hamwe n’uwa Guinee, Alpha Conde, bompi bariko bagerageza kwongereza ibiringo vyo kuguma ku butegetsi.

Abantu barenga kuri 10 barishwe mu myiyerekano inyuma y’aho Conde w’imyaka 82 atangarije ko agiye kwitoreza manda ya gatatu.

Abantu umunani kandi barishwe mu gutana mu mutwe kwabaye inyuma y’aho Perezida Alassane Ouatarra wa Cote d’Ivuware atangarije kandidatire mu kiringo ca gatatu.

Buhari, w’imyaka 77, yavuze ko yiteguye kuva ku butegetsi igihe ikiringo ciwe kizorangira mu 2023.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG