Uko wahagera

Gineya: 3 Baguye mu Ruhagarara Inyuma ko Dialo Yigamvye Intsinzi


Cellou Dalein Diallo atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Gineya n'abayoboke biwe
Cellou Dalein Diallo atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Gineya n'abayoboke biwe

Umugambwe utavuga rumwe na reta muri Gineya wavuze ko abantu batatu baraye bishwe inyuma y’aho Cellou Dalein Dialo atangaje ko ari we yatsinze amatora.

Ivyashikirijwe na Cellou Dalein Diallo vyatumye haduka icuka kibi mu gihugu. Uyu munyapolitiki yahiganywe na Prezida Alpha Conde amaze imyaka cumi ku butegetsi.

Abatavuga rumwe na reta ya Conde ntibashimishijwe n’inyifato yiwe yo gushaka guhindura ibwirizwa shingiro mu ntango z’uyu mwaka kugira abashe kwongera kwitoza.

Imbere y’uko amatora aba, abajejwe kuyahagararira bari baragabishije ko ukutumvikana mu biyavuyemo bishobora kwadukamwo ubwicanyi bushingiye ku moko.

Kuri uno musi wa kabiri umugambwe uri ku butegetsi, “Union des Forces Democratiques de Guinee”, watangaje ko abana batatu, bafise imyaka 13,14,18 bishwe ejo ku musi wa mbere, igihe abasirikare bariko baromora abariko barigina ivyo bise “intsinzi y’uwo mugambwe.

Abarongoye umugambwe wa Prezida Alpha Conde wo bariyamiriza ivyatangajwe na Cellou Dalein Diallo. Bavuga ko bifise ingaruka mbi kandi ko bishobora kubangamira umutekano w’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG