Uko wahagera

Guinee: Cellou Diallo Atavuga Rumwe na Reta Yemeza ko Yatsinde Amatora


Kandida Cellou Dalein Diallo ariko aratora.
Kandida Cellou Dalein Diallo ariko aratora.

Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi muri Guinee, Cellou Dalein Diallo, yatangaje kuri uyu wa mbere ko yatsinze Perezida Alpha Conde mu matora y’umukuru w’igihugu. Yabitangaje atarindiriye ko ababijejwe batangaza ivyayavuyemwo.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Conakry, inyuma y’umusi umwe habaye amatora, Diallo yavuze ko yatahukanye intsinzi naho hari utunenge twibonekeje.

Yahamagariye abenegihugu bakunda amahoro n’ubutungane kuguma bari maso kandi biteguye kurwanira ico yise intsinzi ya demokarasi.

Mu bice bitandukanye ku murwa mukuru, abajejwe umutekano basutse ivyuka bikoroza amosozi mu banywanyi biwe bari bakoraniye hamwe.

Bakary Mansare, icegera c’umukuru w’umugwi ujejwe amatora, yavuze ko ivyatangajwe na Diallo ata gaciro bihabwa kandi bitemewe muri iki gihe. Umushikiranganji wa Guinee ajejwe umutekano yishuye Diallo ko yataye umutwe.

Umusi w’itora wasa n’uwari utekanye, ariko wakurikiye imyiyerekano yamaze amezi, yiyamiriza ukwitoza kwa Conde w’imyaka 82 mu kiringo ca gatatu mur’ico gihugu co mu burengero bwa Afrika.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bafise amakenga ku bwigenge bw’umugwi utunganya amatora.

Abakandida 12 ni bo bariko baharanira intebe y’umukuru w’igihugu, ariko Perezida Conde na Diallo baza imbere y’abandi.

Diallo yarabaye umushikiranganji wa mbere ku ntwaro y’umukazo ya Lansana Conte.

Mu matora yo mu 2010 na 2015, ntiyabashije gutsinda.

Mu gihe vyoba ngombwa ko hatunganywa igice ca kabiri c’amatora, coba mu kwezi kwa cumi na kumwe, itariki 24.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG