Uko wahagera

Etiyopiya, Sudani na Misiri mu Matati y'Urugomero rwo ku Ruzi Nil


Sudani igabisha ko umwanya n’umwanya amatati afatiye ku rugomero ruriko rwubakwa na Etiyopiya ku ruzi Nil ashobora kwongera kwaduka. Ico gihugu kigabishije inyuma yaho Etiyopiya, Sudani, na Misiri vyanse ko vyumvikana ku ruhara igihugu cose cogira mu gushira amazi muri urwo rugomero, na ryari ivyo bikorwa vyotangura.

Etiyopiya ivuga ko vyanka vyakunda bitarenze mu kwezi kw’indwi izotangura gushira amazi muri urwo rugomero. Ni mugihe Misiri iza yarituye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano, yagiriza ahanini Etiyopiya gusa nkaho ishaka kwigarurira urwo rugomero no kwikorana ibikorwa vyo guheraheza kurwubaka kunyungu zayo.

Ku Ruhande rwa Sudani, basaba ko haba ibiganiro bidatevye mu ntumbero yo kwirinda amatati ashobora kuvyarira akarambaraye ivyo bihugu vyose. Sudani isanga imbere y’uko haba igihugu na kimwe gishira amazi muri urwo rugomero, impande zose zobanje kuja ku meza y’ibiganiro zikumvikana. Aho Sudani ihuriza na Misiri mu nsiguro ivyo bihugu bitanga, ni uko urwo rugomero rushobora kuvyarira iterambere Etiyopiya, ariko rukagabanya amazi muri ivyo bihugu bindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG