Uko wahagera

USA Irahuza Etiyopiya na Misiri ku Matati ku Ruzi Nil


Urugomero ruriko rwubakwa na Etiyopiya ku ruzi Nil.
Urugomero ruriko rwubakwa na Etiyopiya ku ruzi Nil.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yaratumiye abashikiranganji ba Misiri, Etiyopiya na Sudani bajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, kuganira ku mugambi ukomeye w’urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Nil Bleu muri Etiyopiya ruteye amatati.

Etiyopiya na Misiri bafitaniye amatati ku masoko y’ayo mazi. Ivyo bihugu bisangiye ayo mazi bimaze imyaka biganira kuri iki kibazo, ariko barananiranwe kwumvikana ku rugero rw’amazi Etiyopiya yokura muri Nil kugira yuzuze urugomero rukomeye iriko irubaka.

Misiri yamye idashigikiye abahuza bavuye hanze bofasha muri ivyo biganiro, ariko yaruhiye iremera uyo mubonano utegekanijwe kw’itariki ya gatandatu ukwezi kwa cumi na kumwe i Washington.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG