Uko wahagera

Sudani Irasaba Ibiganiro ku Ikoreshwa ry'Uruzi Nil


Urugomero rw'amashanyarazi rwa Grand Renaissance Igihugu cya Etiyopiya kirimo kubaka ruzakoresha amazi y'uruzi Nil
Urugomero rw'amashanyarazi rwa Grand Renaissance Igihugu cya Etiyopiya kirimo kubaka ruzakoresha amazi y'uruzi Nil

Sudani yasavye ko haba ibindi biganiro ku vyerekeye urugomera rw'umuyagankuba ku ruzi Nil.

Sudani yateye akamo kuko ivyo biganiro hagati yayo n’ibihugu vya Misiri na Etiyopiya vyoba inyuma yuko akigoro ka Amerika k’uguhuza izo mpande ataco gashitseko mu ntango z’uyu mwaka.

Ivyo bihugu uko ari bitatu ntivyumvikana ku vyerekeye kwuzuza amazi mu rugomero rw’umuyagankuba rw’agaciro k’imiliyaridi 4 y’amadolari Etiyopiya iriko yubaka ku ruzi Nil. Igice urwo rugomero ruriko rwubakirwamwo kiri hafi y’urubibe n’igihugu ca Sudani.

Umushikiranganji ajejwe amazi wa Sudani yatangaje ku musi wa mbere ko yatumiye bagenzi be ba Misiri na Etiyopiya gusubira kubandanya ibiganiro uno musi ku wa kabiri hakoreshejwe ubuhinga bwa video. Ivyo mu ntumbero y’ugushika ku masezerano ata kibazo na kimwe asiga inyuma ashimisha impande zose kandi yubahiriza inyungu z’ibihugu vyabo uko ari bitatu.

Urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Nil n’umugambi ukomeye ku bijanye n’iterambere rya Etiyopiya.

Yamara igihugu ca Misiri carerekanye impungenge ko urwo rugomero rw’amazi muri Etiyopiya rushobora kugeramira bikomeye cane amazi ico gihugu gikeneye cane. Misiri izera ku ruzi Nil ku bijanye n’amazi ikoresha.

Vyari vyitezwe ko Sudani, Etiyopiya na Misiri bitera igikumu mu kwezi kwa kabiri ku masezerano i Washington ku bijanye n’igikorwa c’ukwuzuza amazi muri urwo rugomero. Yamara Etiyopiya ntiyitavye inama y’i Washington.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG