Uko wahagera

Canada: Umugabo Yitwaje Imbugita Yishe Babiri Akomeretsa Batanu


Ahabereye Igitero
Ahabereye Igitero

Polisi y’igisagara ca Quebec muri Canada yataye muri yompi umugabo yagirizwa ko ari we yicishije imbugita abantu babiri ejo ku wa gatadatu, agakomeretsa batanu.

Ico gitero cabereye hafi y'ahakorera inama nshingamateka, cagabwe n’umuhungu ari mu myaka ya za mirongo ibiri nkuko polisi ibandanya ibivuga. Umuvugizi wa polisi ya Quebec, Etienne Doyon, avuga ko abo bantu batanu bakomeretse bariko baravugwa kandi bizeye ko baza gukira bivanye n’uko bameze.

Polisi yirinze gutanga imyidondoro y'abaguye muri ico gitero, ibwira abamenyeshamakuru ko icatumye uwo musore akora iryo bara kitaramenyekana. Gusa, yasavye abanyagihugu kubandanya biyugaraniye mu mazu yabo kugera amatohoza y'ikiri inyuma y'ico gitero amenyekanye.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG