Uko wahagera

Abantu Batatu Baguye mu Gitero c'Imbugita kw'Isengero mu Bufaransa


Ahabereye igitero kw'isengero rya Notre Dame mu gisagara ca Nice mu Bufaransa
Ahabereye igitero kw'isengero rya Notre Dame mu gisagara ca Nice mu Bufaransa

Polisi yo mu Bufaransa itangaza ko abantu batatu baguye mu gitero cakozwe hakoreshejwe imbugita mw'isengero "Basilique" ryitiriwe Notre-Dame riri mu gisagara ca Nice.

Amakuru abandanya atangwa na polisi y’ico gihugu avuga ko ico gitero hari abagikomerekeyemwo nubwo batatangajwe ibitigiri. Uwicishije imbugita abo bantu batatu barimwo umugore umwe yishwe aciwe umutwe yabanje kuvuga “ Allahu Akbar” nkuko polisi ibandanya ibisigura. Ni majambo uwo musore bivugwa ko afise imyaka 25 yabandanije kuvuga n’igihe yari mu minwe ya polisi nkuko vyemezwa n’uburongozi bw’igisagara ca Nice.

Umukuru w’ico gisagara, Christian Estrosi, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yavuze ko iki gitero mw’isengero rya Notre Dame risumba ayandi mu bunini muri Nice ari ic’iterabwoba kandi abishwe bishwe urw’agashinyaguro, yongera acegeka ku ntagondwa ziyitirira idini rya Islamu. Yagize ati: “ Turarambiwe, harageze ko Ubufaransa bushiraho amategeko ahasha intangondwa ziyitirira Islamu.”

Mu bamaze gutera ivyatsi iki gitero harimwo perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, vyitezwe ko umwanya n’umwanya ashika aho cabereye, abagize inama nshingamateka nabo mu bikorwa barimwo vyo gushiraho ayandi mabwirizwa yo gukinga COVID-19 yabaye ndanse muri ico gihugu, bafashe umunota umwe w’agacerere wo kwunamira abakiguyemwo.

Umuryango w’abislamu mu Bufaransa ubicishije ku mukuru wawo wahojeje imiryango yabuze, wongera usivya isabukuru ry’amavuko y’intumwa nkuru muri iryo dini ari we Mohammad, ryari kuba uno munsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG