Uko wahagera

CAF Yaciye FFB Ihadabu y'Amadorali Ibihumbi Cumi


Intamba mu Rugamba mu rukino na Gabon
Intamba mu Rugamba mu rukino na Gabon

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere ka Afurika, CAF, ryasavye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB, kuriha ihadabu y’ibihumbi cumi vy’amadolari y’abanyamerika riryagiriza kuba ritubahirije amategeko agenga ihiganwa ry’ukuja mu gikombe c’ibihugu vyo muri Afurika co mu 2019.

Ni inyuma y'uko Radiyo Televiziyo y’Uburundi yerekanye urukino rw’umupira w’amaguru rw’uguhiganirwa kuja muri ico gikombe rwabaye hagati y’Uburundi na Gabon kw’italiki 23 z’ukwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka mu gihe rwariko ruraba itabifitiye uburenganzira.

CAF yasavye FFB iryo hadabu mu ikete umurwi ujejwe kugenzura iyubahirizwa ry’amategeko mw’ishirahamwe wandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Reverien Ndikuriyo, kw’italiki 31 z’ukwezi kwa gatatu mu 2019.

Ishirahamwe CAF ryagiriza ishirahamwe FFB ko ritubahirije amategeko yaryo igihe haba urukino rw’uguhiganirwa kuja mu gikobe c’ibihugu vyo muri Afrika c’uyu mwaka hagati y’Uburundi n’igihugu ca Gabon.

Ishirahamwe CAF rimenyesha ko Radiyo Televiziyo y’Uburundi, RTNB yerekanye urwo rukino mu gihe rwariko ruraba mu buryo butarekuriwe.

Abicishije ku rubuga Facebook, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB, Reverien Nidikuriyo yavuze ko iryo shirahamwe ryari ryaziririje gufata amasanamu n’ukwerekana urukino hagati y’Uburundi na Gabon ata ruhusha rubanje gutangwa.

Atangaza ko niba RTNB yarerekanye urwo rukino mu gihe rwariko ruraba, itari yabirekuriwe n’ishirahamwe FFB. Asaba inzego zose zibifitiye ububasha kugirisha amatohoza ku vyerekeye iyerekanwa ry’urwo rukino. Atangaza ko abafashije mu gikorwa c’ukwerekana urwo rukino aribo bobibazwa.

Mu biro vy’umuyobozi mukuru wa RTNB, basigura ko amatohoza yabo ariko araba.

Radiyo Ijwi rya Amerika ryarondeye kuvugana n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB, Reverien Ndikuriyo, yamara telephone yiwe ngendanwa yari yugaye.

Twashoboye kuronka umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe FFB, Jeremie Manirakiza kw’itelefone yiwe ngendanwa atubwira ko bariko baravyihweza muri iki gihe, ko kubera izo mvo ataco bafise babivugako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG