Uko wahagera

Uburundi Bwaronse Itike yo Kuzoja muri CAN 2019


Intamba mu Rugamba mu kibuga n'abari baje kurorera umukino wa Gabon n'Uburundi
Intamba mu Rugamba mu kibuga n'abari baje kurorera umukino wa Gabon n'Uburundi

Umurwi nserukiragihugu w'Uburundi, Intamba mu Rugamba w'abakuze, kuri uno wa gatandatu waronse uburenganzira bwo kuzoja mu nkino za nyuma za CAN ya 2019 mu gihugu ca Misiri.

Ni inyuma yo kunganya igitsindo kimwe ku kindi hagati ya Gabon n’Uburundi. Ni ku ncuro ya mbere Uburundi buronse uburenganzira bwo kuja mu mahiganwa ya CAN.

Iyo ntsinzi Uburundi buyikesha umukinyi w'Umurundi akinira muri Arabiya Sawuditi, Cédric Amissi, yagiye kwinjiza igitsindo ku munota wa 76 w'igice ca kibiri. Igice ca mbere caheze ivyo bihugu vyose bifise ubusa ku bundi.

Cedric yari asa nk'uwuhanmganye n'umukinyi Aubameyang aturuka muri Gabon asanzwe akinira ikipe Arsenal yo mu Bwongereza.

Gabon yahavuye igombora yinjiza nayo igitsindo ariko Uburundi kugira buronke itike bwari bukeneye kunganya canke gusumvya Gabon. CAN 2019 bitegekanijwe ko izotangira mu kwezi kwa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG