Uko wahagera

Burundi: Abasahuwe n'Abatekamutwe Babemerera Akazi mu Barabu Baratabaza


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, Albert Shingiro, na mugenzi wiwe wa Arabiya Sawudite bariko batera umukono ku masezerano yo kurungika abakozi mu Burundi mu buryo bwemewe n'amategeko
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, Albert Shingiro, na mugenzi wiwe wa Arabiya Sawudite bariko batera umukono ku masezerano yo kurungika abakozi mu Burundi mu buryo bwemewe n'amategeko

Abantu bagera ku 680 mu Burundi barasaba ubutegetsi kubafasha gusubizwa amafranga batswe n’abatekamutwe babizeza kubaronsa ubuzi mu bihugu vy’Abarabu.

Abasahuwe baturuka mu mihingo itandukanye y’igihugu c'Uburundi nkuko babibwiye Ijwi ry'Amerika. Bose bagiriza uwitwa Nyabenda Hakimu Babu aba muri karitiye Nkayamba ya zone na komine Rumonge ko yabatoje amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 500 n’ibihumbi 700 ku muntu umwe umwe abemerera akazi mu bihugu vy'abarabu. Amafaranga uwo mugabo yatoje yose hamwe agera ku miriyoni 36 z'amarundi.

Ababeshwe batabaza bavuga ko babuze ayo bacira n’ayo bamira basigura ko musitanteri wa komine Rumonge bituye gushika magingo aya ataco arabafasha. Babwiye abakunzi b’Ijwi ry’Amerika mu Rumonge ko bipfuza ko ubutungane canke ubutegetsi bwo ku rwego rw’intara bwobafasha kubishuriza utwabo.

Buramatari w’intara ya Rumonge asa n’uwutakira neza ivyo abo banyagihugu basaba: Consolateur Nitunga yabwiye abanyagihugu Ijwi ry'Amerika rikesha ano makuru ko abasahuwe bacishije ivy’abo mu kinywabi, akabasaba kuzana ivyemeza ko ivyo bashikiriza ari vyo.

N’aho Buramatari wa Rumonge avuga uko, abantu bane barimwo Nyabenda Hakimu Babu yatoje amafaranga y’abo yavuga ko agiye kuronderera akazi mu bihugu vy’abarabu bari mu minwe y’ubutungane nk’uko amakuru Ijwi ry'Amerika rikura mu ntwaro no mu butungane bwa Rumonge avyemeza.

Aho munsi, Desire Hatungimana arasoma ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika ryateguye riciye ku bakunzi baryo mu Burundi.

Abasahuwe n'Abateka Mutwe mu Burundi Baratabaza
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:55 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG