Uko wahagera

Amasezerano yo Kurungika Abakozi b'Abarundi mu Bihugu vy'Abarabu


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, Albert Shingiro, kumwe na mugenzi wiwe wa Arabiya Sawudite
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, Albert Shingiro, kumwe na mugenzi wiwe wa Arabiya Sawudite

Uburundi buramaze gusinyiranira amasezerano atari make n’ibihugu bitandukanye cane cane vy’Abarabu nka Arabiya Sawudite, Qatar n’ibindi yo kurungika abakozi bato bato, cane cane abakobwa. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji w’imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, Albert Shingiro, yatangaje ko igihugu ciwe citeguriye no gusinyiranira amasezerano nk’ayo n’ibihugu vyinshi vya Afrika.

Shingiro asigura ko ayo masezerano ari ayo gukingira abakozi b’Abarundi baja gukorera muri ivyo bihugu. Yamara, amwe mu mashirahamwe akingira agateka k’abakenyezi abona ko ari uruyeri rwo gukora urudandazwa rw’abakenyezi.

Umushikiranganji Albert Shingiro ahumuriza abafise ayo makenga avuga ko ubuserukizi bw’Uburundi mu bihugu bitandukanye vy'abarabu bigiye kuza birarungikwamwo abakozi bagizwe ahanini n'igitsina gore buzokurikira ico kibazo.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda

Amakenga ku Masezerano yo Kurungika Abakozi b'Abarundi mu Bihugu vy'Abarabu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:38 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG