Uko wahagera

Burkina Faso: Ingingo ya Reta yo Guca Interneti Irabandanya


Bamwe mu bakoze imyiyerekano
Bamwe mu bakoze imyiyerekano

Imisi ine irarumanye ata Interneti mu ma terefone muri Burkina Faso. Reta yayiciye ku musi wa gatandatu isigura ko ibikoze mu ntumbero yo gucungera umutekano w’igihugu.

Ijwi ry’Amerika muri Burkina Faso ryavuganye n’abatandukanye bemeza ko ingaruka zimaze kwibonekeza zirimwo ukudashobora kuronka amakuru, kutamenya uko incuti za bamwe n’abandi zifashe n’izindi.

Icibwa rya Interneti muri Burkina Faso ryaje rikurikira imyiyerekano y’abavuga ko badashaka ko Ubufaransa bubandanya kurungika abasirikare babwo mu karere Burkina Faso iherereyemwo.

Abiyerekanye bazibiye mu ndwi iheze imodoka yarimwo abasoda b’Ubufaransa bariko baja muri Nijeri kurwanya iterabwoba baciye muri Burkina Faso, impande zimwe zikibaza ko ari vyo vyatumye Reta ica Interneti. Hari abandi ariko basanga iyo mvo idafashe. Bitegekanijwe ko ata gihindutse Interneti igarukanwa mu ma terefone bitarenze isaha zine z’ijoro ku masana ya Burkina Faso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG