Uko wahagera

Bangladesh: Imyiyerekano y'Abayislamu Biyamiriza Perezida Macron


Abari mu myiyerekano muri Bangladesh

Muri Bangladesh, abantu bagera ku bihumbi mirongo itanu bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, aheruka kuvuga ko ukunebagura idini rya Islamu biciye mu bishushanyo, ari " uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro".

Iyo myiyerekano yabereye ku murwa mukuru w’ico gihugu, Dhaka, abayikoze bihereje amabarabara basaba abanyebangladeshi kudakoresha ikintu na kimwe cakorewe mu Bufaransa. Bagerageje kuja kwiyerekanira imbere y’ubuserukizi bw’Ubufaransa ariko polisi irabatangira. Ubufaransa bushora ibikoresho bitari bike muri Bangladesh.

Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa ariko yiyamirizwa mu bihugu bitandukanye bigwiriyemwo abayisilamu, inyuma yo kuvuga ko Ubufaransa butarota guheba ubwisanzure n’uburenganzira bwabwo bwo gushikiriza ivyiyumviro biciye mu mashusho (caricature).

Ni amajambo yavuze inyuma y’urupfu rw’umwigisha wo mu Bufaransa yitwa Samuel Paty yishwe mu kwezi kw’icumi aciwe umutwe inyuma yo kwereka abanyeshure biwe ishusho y’intumwa nkuru y'idini ya islamu, Muhammed. Iyo shusho yahavuye isubirwamwo n’ikinyamakuru co mu Bufaransa Charlie Hebdo.

Iyicwa ry’uwo mwigisha ryakurikiwe n’ubundi bubisha nk’ubwo burimwo ubwabaye mu ndwi iheze, aho umuntu yitwaje imbugita yinjiye mw’isengero katorika riri mu gisagara ca Nice akica abakirisu batatu barimwo umugore yishe aciye umutwe. Uwo musore yakoze iryo bara yarikoze avuga ngo “Allahu Akbar” , bisigura ngo “ Imana ni nkuru”

Ivyo bitero vyose Reta y’Ubufaransa yavyegetse ku ntagondwa ziyitirira idini rya islamu. Mu kiganiro Perezida Macron yaraye ahaye televiziyo Al-Jazeera yagize ati : “ Ndatahura ko abantu bashobora kubabazwa n’ibicapo, ariko sinzopfa ntahuye ingene iryo shavu rishobora kuba imbarutso y’ubugizi bwa nabi.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG