Uko wahagera

Abanyeshure 79 Bari Banyurujwe muri Kameruni Barekuwe


Ishure abanyurujwe benshi bavanyweko
Ishure abanyurujwe benshi bavanyweko

Abanyeshure bose n’abakozi bari banyurujwe haheze ikiringo kirenga indwi kw’ishure riri ahitwa Nkwen mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu ca Kameruni bararekuwe.

Abari babanyuruje bari barekuye imbere yaho abanyeshure 78 ahitwa Bafut. Umwe mu bakora kuri iryo shure avuga ko ata ngwati yatanzwe kugira abo banyeshure barekurwe. Nta birenga aho yatangaje.

Abanyeshsure 79, n’abakozi batatu bari banyurujwe n’abikekwa ko bashaka kwiyonkora ku gihugu ca Kameruni kw’italiki 4 z’ukwezi kw’icumi na rimwe mu gice kirimwo umutekanao muke kuva mu mwaka w’i 2016. Muri uyo mwaka, abashaka kwiyonkora kuri Kameruni batanguje umugambi w’ugushiraho Reta yabo bwite bise Ambazonia.

Kuva abo banyeshure bari banyurujwe barekuwe, abavyeyi babo barakuye abana babo bose 700 kw’ishule ivyo vyabereyemwo. Bidogeye umutekano muke utera wiyongera muri ako karere.

Ugutana mu mitwe kwaradutse mu mwaka uheze hagati y’abasirikare ba Reta n’abashaka kwiyonkora kuri Kameruni mu ntara zivuga icongereza zo mu buraruko bushira uburengero no mu bumanuko bushira uburengero.

Abashaka kwiyonkora ku gihugu bagabishije guhungabanya umutekano muri izo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG