Uko wahagera

Abantu 81 Biganjemo Abanyeshule Banyurujwe muri Kameruni


Ikarata y'aho igisagara ca Bamenda Giherereye
Ikarata y'aho igisagara ca Bamenda Giherereye

Mu gihugu ca Kameruni, abantu bagera 81 bagwiriyemwo abana, banyurujwe ku ishule ryo mu gisagara ca Bamenda uyu musi ku wa mbere mu gitondo. Aya ni amakuru atangwa n’abategetsi hamwe n’igisirikare, yemeza kandi ko abo bantu barimwo n’umukuru w’iryo shule.

Nta muntu n’umwe aratangaza ko ari we yanyururje abo bantu mu ntara y’abavuga ururimi rw’Icongereza, aho abashaka kwiyonkora bariko barondera gushinga reta yabo.

Abashaka kwiyonkora barafashe ingingo yo gutanguza umukwabu wo mw’ijoro, bongera barugara amashule, mu mugambi wo kugararariza Reta ya Perezida Paul Biya, irimwo abavuga Igifaransa.

Umuvugizi wa Reta yavuze ko itohoza ririko rirabandanya, ari na co gituma adashobora gutanga ayandi makuru.

Abashaka kwiyonkora batanguye gukomera mu mwaka w’2017 inyuma y’aho reta itanguriye guhiga abantu bagize uruhara mu myiyerekano. Benshi mu banyagihugu bahungiye mu gisagara ca Bamenda hamwe no mu bindi bisagara vyo mu ntara zivugwamwo igifaransa, zitekanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG